30/08/2026
🚨 𝗕𝗜𝗥𝗔𝗛𝗘𝗭𝗘 ! Gabriel Martinelli 𝗔𝗩𝗔 Arsenal maze 𝗔𝗦𝗜𝗡YA na Al-Hilal ku mafaranga angana na miliyoni 65 € ! ✍️🇸🇦
✅ 14h43 : Gabriel Jesus agurishijwe muri Barcelone
✅ 15h32 : Gabriel Martinelli agurishijwe muri Al-Hilal
Arsenal ifise umunsi muremure w’akazi kenshi kuruyu musi w'Imana 🔥
(🗞️ Fabrizio Romano)
30/08/2026
🚨 𝗕IRARANGIYE ! Gabriel Jesus 𝗔𝗦I𝗡YE muri Barça ku mafaranga angana na Miliyoni 10 € ! ✍️😍💙❤️
Ni ukwinjiza umukinyi mwiza cane muba Blaugrana FC Barcelona Barcelona Barcelona mubona muguze neza?
Ngo ivyo Suarez Lewandowski batsinze nibike ngo araje abimarireyo🤣
🗞️ Fabrizio Romano
30/08/2026
PRIMUS LEAGUE BURUNDI 3em journée
Rukinzo Football Club ihejeje kunganya n'umurwi wa Olympic Star ubusa kubusa.
N'imurukino ruhejeje kubera kukibuga URUNANI aho iyo mirwi yose habuze uwutsinda uwundi.
Tubibutse ko kumusi W'IMANA uza Olympic Star izokwakira Bumamuru Fc kukibuga Umuco i Muyinga..
📸 Dani Barcola Sport
Alain Coman Sports
30/08/2026
Tubwirer amazina y'Abaknyi babiri (2) gusa batwaye ibi bikombe vyose. 🏆⚽🔥
30/08/2026
Real Madrid C.F. vs Malaga 17h00
mugihe Barca izozindukana nabakozi ba l' État ejo lundi 🤣
abakunzi ba Real turamukanye
30/08/2026
Arthur Nibikora umusatirizi wa Bumamuru Fc n'umwe mubakinyi bariko baragira intango nziza w'ihiganwa rya Primus league burundi kuko mu nkino 3 amaze kugira uruhara mubitsindo 2.
M'urukino bakinye na Panthère Noir Football Club bandanya igitsindo 1-1 uwo Musatirizi niwe yatsindiye Bumamuru FC.
Yongeye gufasha Bumamuru mugutanga umupira wavuyemwo igitsindo ca 2 umurwi wiwe wa Bumamuru Football Club wariko uratsinda umurwi wa Musongati FC .
Arthur Nibikora twovuga ko atanguye neza kurenza umwaka uheze ariko umumenyereza wiwe afise akazi ko kugarura uwo mukinyi kurugero rwiza twigeze kumumenyako mu murwi wa Le Messager FC•
Abakunzi ba BUMAMURU mwebwe mubona Arthur azobdandanya afasha umurwi wanyu?
Alain Coman Sports
29/08/2026
Imirwi 2 yo muntara ya Gitega n'imirwi yatanguye umwaka w'inkino itigenza neza ndavuga Musongati FC na Flambeau du Centre Fc.
Iyo mirwi yose ntarukino narumwe baratsinda kuko munkino 3 bamaze gukina bose ntanumwe araronka amanota 3.
kuruhande rwa Musongati FC
Bamaze gukina inkino 3:
batsinze 0
batsinzwe 2
Banganije 1
Vision F.C 2-1 Musongati FC
Musongati FC 0-0 Rukinzo Football Club
Bumamuru Fc 2-0 Musongati FC
Kuruhande rwa Flambeau du Centre Fc
Munkino 3
Gutsinda 0
Kunganya 2
Gutsindwa 1
Kayanza United FC 0-0 Flambeau du Centre Fc
Flambeau du Centre Fc 0-0 Olympic Star
Vision F.C 2-1 Flambeau du Centre Fc
Bivuzeko muntara ya Gitega bakumbuye amanota 3 ese twovuga ko urugero rw'imirwi yaho rwoba ruri hasi canke mumisi irimbere tuzobamona amakipe meza?
Alain Coman Sports
29/08/2026
Abakunzi ba Bumamuru Fc mugire ISABATO NZIZA🤍💚