Mwaro District Sports

Mwaro District Sports

Share

Amakuru y'inkino y'i Mwaro 💯%✅

Photos from Mwaro District Sports's post 07/08/2026

⭐ Kuva kw'igenekerezo rya 13.07.2026 hariko haraba mu gihugu cose icagurwa ry'abana bafise imyaka kuva kuri 12 gushika kuri 14 bafise impano ya football, aho yarungitse intumwa zayo kugira bishikire mu ma District de Football mu ntara zose kuraba urwo rwaruka rufise iyo mpano.

⭐ Kur'uno wa kane hakaba hari hashikiriwe , hakaba habonetse urwaruka rutari ruke rwaje kwitaba no kugaragaza impano zabo, ndetse ico gikorwa kikaba kiriko kirabandanya no mu gatondo k'uno wa gatanu i Mwaro nyene neza na neza ku kibuga co mu .

⭐ Bitegekanijwe ko ico gikorwa kizorangira ku magenekerezo ya 24-28/08/2026 aho urwaruka ruzoba rwatowe ruvuye muma district yose bazoba bahurira muri finale ya nyuma kuri Centre Technique National ( ) kugira hacagurwe abinjira mw'ishure rya Académie saison 2026-2027.

➡️ Follow 👉 Mwaro District Sports

29/07/2026

🔴 Rendez-vous tutokwirengagiza ngiyo irabonetse.
⭐ Kayokwe United vs BUBURU FC (From Bisoro)
🫂 Match Amical
🗓️ Jeudi le 30.07.2026
⏲️ 11h00
🏟️ Kibumbu

🔴 Iyo mirwi yose iriko yitegurira inkino zimirije vuba za 4ème Division

➡️ Follow 👉 Mwaro District Sports

Photos from Mwaro District Sports's post 19/07/2026

🔴FT: Université de Mwaro 5️⃣➖4️⃣ Kayokwe United

⭐ Abash*tse mu mwarashoboye kwibonera uburyohe bwa football n'impano nyinshi zinyegeje mur'urwo rwaruka haba ku mpande zose.
⭐ Urwo rukino rwari rwatewe iteka n'umukinyi yitwa yigeze guca kur'iyo kaminuza y'i Mwaro aho match irangiye yaciye agabira impira yo gukina ku mpande zose z'iyo mirwi yariko irakina.

⭐ Mbibutse ko iriko ibandanya yikomeza n'inkino nyinshi za kivandimwe mu kwitegurira neza inkino za 4è division zimirije gutangura.

➡️ Follow 👉 Mwaro District Sports

17/07/2026

🔴RABA UKO VYAGENZE !!!
🙏 Félicitations kuri 🙏

17/07/2026

🔴 Rendez-vous mutokwirengagiza???
⭐ Kur'uno wa gatandatu mu 15h00 Hari Match amical hagati ya Université de Mwaro na Kayokwe United (match retour) .

⭐ Match aller Vyari vyagenze uku:
👉 Kayokwe United 8-3 Université de Mwaro

🔴Mbega Université de Mwaro iraza gukora remontadà?
🔴Inyishu ni kur'uno wa gatandatu mu KIBUMBU, tuhahurire twese!!

17/07/2026

⭐C'est fini !!! 🎇 KIGURUKA FC 🎆

🔴 niyo ekipe igiye guserukira District de Football de Mwaro mu nkino z'imizunguruko (barrage) mu kurondera uburenganzira bwo kuduga mu cicaro ca kabiri mu Burundi.

👉 Ivyo bibaye inyuma yo kwitwara neza ku muhingamo wo kur'uno wa gatanu le 17.07.2026 mu rukino rwa nyuma (match retour) muri championnat local i Mwaro aho bariko bahura na MWARO CITY.

🔴 Match yarangiye uku:
➖➖➖➖➖➖➖➖➖
⭐FT: KIGURUKA FC 4️⃣➖1️⃣ MWARO CITY
👉Aggr: 6-2

🗣️ Zacharie NKURUNZIZA, président wa ekipe ya yatwaye igikombe yatubwiye ko urugamba rukomeye arirwo rugiye kubandanya kuko ngo bashaka kugera kure hashoboka ka ko bizera ko bashobora kurengana inkino z'amajonjora zigiye kubahuza n'iyindi mirwi igiye guserukira uburere bwabo, ko nabo bagiye gukora ibishoboka vyose kugira bazoduge uno mwaka mu cicaro ca kabiri basangeyo ekipe ya Lumière Fc de Mwaro nayo yabikoze neza mu mwaka urangiye.

🔴 Ndabibutse ko ekipe ya Lumière Fc de Mwaro nayo yabigezeko mu mwaka uheze irangije championnat local i Mwaro ari iya mbere isumvya iyo ekipe ya KIGURUKA FC inota rimwe gusa.

🗣️ Yarangije atumenyesha ko mu kwitegurira neza inkino za barrage agiye kuzomanukana abakinyi bose ba KIGURUKA FC mu gisagara ca Bujumbura kugira bamenyerane barikumwe gushika inkino zose za barrage zirangiye.

🙏 Félicitations kuri ekipe ya KIGURUKA FC hamwe n'abakunzi bayo bose !!!!

16/07/2026

⭐ Kiguruka Fc canke Mwaro City ⁉️

🔴Ni kur'uno wa gatanu aho hategekanijwe urukino rwa nyuma (match retour) muri championnat local ya District de Football de Mwaro.
⭐ KIGURUKA FC vs MWARO CITY (retour)
📆: vendredi le 17.07.2026
⏲️: 13h00
🏟️: KIGUTU

⭐ Match aller yagenze uku:
👉 Mwaro City 1️⃣ ➖ 2️⃣ Kiguruka Fc

🔴 Twese duhurire i Mwaro kuri centre neza na neza mu gushigikira ekipe iza gutwara igikombe c'uno mwaka.

Photos from Mwaro District Sports's post 12/07/2026

🔴FT: Mwaro City 1️⃣➖2️⃣ Kiguruka Fc
⭐ Championnat Local édition 2026
🔁Retour ni vendredi le 17.07.3026

12/07/2026

⭐ Mwaro City vs Kiguruka Fc
👉 Ni kur'uno w'Imana igenekerezo rya 12.07.2026 isaha indwi z'umutaga ku kibuga co mu .

🔴 Ni urukino rwa championnat local muri District de Football de Mwaro ruza guhuza iyo mirwi ibiri ariyo:
-Mwaro City
-Kiguruka Fc
🔴 Kur'uno w'Imana haza gukinwa match aller hama ku musi wa gatanu uza le 17.07.2026 hazokinwe match retour.

⭐Ekipe izotsinda niyo izoba itwaye igikombe ca championnat local édition 2026 ni nayo izoca iserukira District Mwaro mu nkino za barrage zo kurondera ama ekipe azoduga muri 2è division.

⭐ Twibukanye ko ama clubs 6 ariyo yari kwitabira inkino za championnat local muri District de Football de Mwaro ariko 4 aca arakurwa ku rutonde kuko vyaje kuyagora muvyo kwandikisha abakinyi babo muri .
👉 Izo ekipe ni:
🔸Muyebe United
🔸Intare Fc
🔸Nyange Fc
🔸Akanuma Fc
🔴 Hagati ya KIGURUKA FC na MWARO CITY zasigaye wewe nk'umukunzi niyahe wipfuza ko yotsinda???

Want your business to be the top-listed Gym/sports Facility in Mwaro?

Click here to claim your Sponsored Listing.

Location

Category

Website

Address


RN18
Mwaro