Iwacu Sports

Iwacu Sports The Home of Sports

🚨💣 BREAKING: BRADLEY BARCOLA ARIKO AREGEREZA GUSINYA MURI LIVERPOOL! 🔴Ivya Bradley Barcola na Liverpool bigeze kure cane...
27/08/2026

🚨💣 BREAKING: BRADLEY BARCOLA ARIKO AREGEREZA GUSINYA MURI LIVERPOOL! 🔴

Ivya Bradley Barcola na Liverpool bigeze kure cane, kandi igikorwa ubu kiriko kirinjira mu masaha ya nyuma. 🇫🇷🔴

Nk'uko Ben Jacobs umu journaliste abimenyesha, impande zose zamaze guhuriza ku masezerano mw'ijoro ryakeye.

Liverpool izotanga amafaranga arenga gatoyi £100 miliyoni, hongerweko £20 miliyoni zishobora kuboneka bivanye n'uko ibintu bizogenda.

💰 Muri rusangi: hafi £120 miliyoni

Haracari ibintu bimwe bimwe bisifaye kugira deal ihere yose ariko kimwe coco bigeze kure. PSG yari yabanje gusaba hafi £145 miliyoni, ariko Liverpool yashoboye kugabanya ayo mafaranga cane.

🤝 Barcola ubwiwe na Liverpool bamaze kwumvikana ku masezerano yiwe. Ubu asigaje gusa kuronka uruhusha rwo gusozera ku mugaragaro urugendo rwiwe rwo muri PSG.

Amakuru avuga ko ibiganiro vya nyuma bitegekanijwe kubera i Monaco, aho Nasser Al-Khelaifi na Luis Campos bari mugutora imirwi izokina Champions League.

🔥 PSG izoba ironse inyungu idasanzwe. Yaguze Barcola kuri €45 miliyoni, ubu ikaba iri hafi kumugurisha ku mafaranga arenga cane ayo yamuguze.

Barcola muri Liverpool? “HERE WE GO” mukanya 👀🔴

📌 Inkomoko: Ben Jacobs

🚨⚪ REAL MADRID YARAYE ITANZE UBUTUMWA BUKOMEYE! MBAPPÉ AKUBITA HAT-TRICK, VINICIUS NAWE ARATSINDA! 🔥🔥Real Madrid yaraye ...
27/08/2026

🚨⚪ REAL MADRID YARAYE ITANZE UBUTUMWA BUKOMEYE! MBAPPÉ AKUBITA HAT-TRICK, VINICIUS NAWE ARATSINDA! 🔥🔥

Real Madrid yaraye ikiniye urukino rwayo rwambere rwa La Liga 27 i Santiago Bernabéu, yakira Real Sociedad, itanga icirwa c’umupira w’amaguru mu gice ca kabiri itsinda ibitsindo 4-1. 😮‍💨⚪

⭐ Kylian Mbappé ni we yaranze urukino, atsinda ibitsindo bitatu. Vinicius Jr. na we yarongeye aratsinda, yongera afasha Mbappé ku gitsindo ciwe ca gatatu. 🔥

Urukino rwatanguye rugoye ku Real Madrid. Mbappé yuguruye igitsindo cambere ku munota wa 40, ariko Luka Sučić aca agombora iminota ine gusa inyuma yaho. Igice ca mbere caheze ari 1-1.

Ariko igice ca kabiri cari ikindi kintu. 💥

⚽ Mbappé atsinda ica kabiri ku munota wa 60
⚽ Vinicius Jr. atsinda ica gatatu ku munota wa 68, afashijwe na Jude Bellingham
⚽ Mbappé aca asozera hat-trick yiwe ku munota wa 80, afashijwe na Vinicius Jr.

🔥 Jude Bellingham na we yarakoze match ikomeye, atanga imipira ibiri yavuyemwo ibitsindo.

Igitangaje ni uko Real Madrid yari yagize igice ca mbere kitoroshe, ariko uburyo yahinduye urukino mu gice ca kabiri ni signe yuko Mourinho yashoboye guhindura ibintu. 💪⚪

📊 Real Madrid 4-1 Real Sociedad

🥅 Mbappé ⚽⚽⚽
🥅 Vinicius Jr. ⚽
🎯 Bellingham, Valverde na Vinicius Jr. baratanze imipira yavuyemwo ibitsindo

Real Madrid rero itanguye La Liga n'intsinzi zibiri, kandi Mbappé yatanguye gusubira kwigaragaza. 👀🔥






🚨🔴 BREAKING: Manchester United itanguye saison ya 2026/27 itsindwa!Manchester United ihejeje gutsindwa na Hull City ibit...
22/08/2026

🚨🔴 BREAKING: Manchester United itanguye saison ya 2026/27 itsindwa!

Manchester United ihejeje gutsindwa na Hull City ibitsindo 2-0 mu rukino rwa mbere rwa Premier League. 😱🔴

Hull City yatangaje benshi mu gukina umupira mwiza, unyaruka kandi wugaye, bafise defense nziza cane 💪⚽

🥅 Semi Ajayi ni we yuguruye igitsindo cambere, mu gihe Nobel Mendy yashizemwo igitsindo ca kabiri.

🏆 Hull City 2-0 Manchester United

Ni intango mbi cane kuri Manchester United, mu gihe Hull City itanguye saison mu buryo bw'igitangaza. 😮‍💨🔥

⚽ Izindi nkino zikomeye zikinwa uno musi:

🏴 PREMIER LEAGUE

⏰ 16:00
Everton 🆚 Crystal Palace

⏰ 16:00
Ipswich 🆚 Sunderland

⏰ 16:00
Nottingham Forest 🆚 Leeds United

⏰ 18:30
Brentford 🆚 Tottenham

🇪🇸 LA LIGA

⏰ 17:00
Athletic Club 🆚 Sevilla

⏰ 19:30
Valencia 🆚 Celta Vigo

🔥 21:30
Espanyol 🆚 Real Madrid ⚪

Ubu rero, umupira watanguye gusubira kudusubiza muri ambiance twari dukumbuye! 😍⚽

😅 WELCOME BACK FOOTBALL!!!! WE MISSED YOU TOO MUCH

🚨 JUST IN: Birarangiye, Man UTD itsinzwe na Hull city Man utd ihejeje kwigishwa uko umupira w'amaguru ukinwa. Hull city ...
22/08/2026

🚨 JUST IN: Birarangiye, Man UTD itsinzwe na Hull city

Man utd ihejeje kwigishwa uko umupira w'amaguru ukinwa.

Hull city itsinze Man utd ibitsindo 2-0 murukino rway rwambere ivuye muri deuxième division 🫢

Urukino rubi rwambere kuva Carrick ash*tse mumurwi wa Man utd. Defense mbi cane, Heaven yari yibereye gutembere, hagati ntanumwe yarahari imbere bari babihevye.

Carrick yakoze iki muri preseason?? 🤥🤥 c'est absurde.

Man utd LOOOOOSSSEEEEEEE!!!!! UNBELIEVABLE 🫣🫣🫣

Urukino waruravye??
Vyapfiriye hehe?

Shout out to my newest followers! Excited to have you onboard! Makusanya Burundi, Claude le Don, Jean Marie Havyarimana,...
07/08/2026

Shout out to my newest followers! Excited to have you onboard! Makusanya Burundi, Claude le Don, Jean Marie Havyarimana, Ånnÿ Ãmør, Pepi Light, Ndayizeye Coroneille, Ir Keny Zøé, Elias Nduwayo, Arthur Melodie, Jaja Jafali Izonyongera, Eloi Niyomwungere, Roxy D'äli Danniella, Innocent Ncutinamagara, Fred Technicien Niyondiko, Cedric Joy Pro, Yvan Irakoze, Lili Lina Niteka, Kennedy Ndayisaba, Arthur Manirambona, Amass Umudagi, Arthur Armo, Kenedy Ogy, Ezekiel Nduwayo, Channy Blessing, NT PL, Jean De Dieu Ndagijimana, Ryabihira Home, Nsabumuremyi Révocat, William Niyokwizigira, Adonai Nishimwe, Jean Gikoko

🚨⚪ JUST IN: Vinicius yongereje amasezero muri Real Madrid Kuruhome rwiwe rwa instagram yanditse iti: Imyaka 8 ni mike ca...
06/08/2026

🚨⚪ JUST IN: Vinicius yongereje amasezero muri Real Madrid

Kuruhome rwiwe rwa instagram yanditse iti: Imyaka 8 ni mike cane... tubandanye niyindi 6 ibihe bidashira

Vini agiye kwongereza amasezerano y’imyaka 6 azomushikana 2032 ari umukinyi wa Real Madrid umwe mubazoba bahembwa amahera menshi inyuma ya Mbappe

Vini muri Real Madrid it’s done
Arsenal niyihangane nta Vini iriko iraronka vuba 😂😂😂

🚨⚪ BREAKING: Diomande muri Real Madrid vyakunze 👋👋😅😅😅Diomande ni umukinyi wa Real Madrid vyaheze. Ubu yamaze gushika mur...
06/08/2026

🚨⚪ BREAKING: Diomande muri Real Madrid vyakunze 👋👋😅😅😅

Diomande ni umukinyi wa Real Madrid vyaheze. Ubu yamaze gushika muri Espagne, Real Madrid yamaze gutangaza ko ar umukinyi wayo.

Amasezero y'imyaka indwi niyo afise azomushikana 2033.

Mumajambo yiwe yambere asezerq Leipzig Diomande uti:
"Izi nindoto. Ndagiye i Madrid kuzibamwo. Nshaka gushimira umwe wese muri Leipzig. Ntawamenya harigihe twohura muri Champions League". Uno musi ndatanguye urugendo rushasha".

Nivyo, Diomande uratanguye urugendo rushasha. Amahirwe masa muhunguu 🫡🫡🫡

Abafana ba Real Madrid nimwakire Diomande ⚪⚪

🚨⚠️⚠️ BREAKING: Rodri ashobora gusinya muri Barcelona umwanya uwariwo wose. Fc Barcelona ishobora gusinyisha Rodri inyum...
06/08/2026

🚨⚠️⚠️ BREAKING: Rodri ashobora gusinya muri Barcelona umwanya uwariwo wose.

Fc Barcelona ishobora gusinyisha Rodri inyuma yaho umumenyereza Hansi flick yivuganiye ubwiwe n'umukinyi 😮

Abakinyi nka Yamal bari mubagerageje kwemeza Rodri kuza iwabo, Flick arifatira ibintu muminwe aramuganiriza kubwa projet kandi Rodri bisa nkaho yahejeje kuvyemera.

Barca yaririndiriye inyishu ya Rodri kugira imenye aho ishobora gushika.

Real Madrid barayikubise kuntoki 🥱

HERE WE GO!!!! RODRI TO BARCELONA

🚨 BREAKING: HARI AMAHIRWE MENSHI KO VINICIUS JR AGUMA I MADRID📌 Kazoza ka Vinicius kagenda kerekana ko umwanya numwanya ...
06/08/2026

🚨 BREAKING: HARI AMAHIRWE MENSHI KO VINICIUS JR AGUMA I MADRID

📌 Kazoza ka Vinicius kagenda kerekana ko umwanya numwanya ashobora gusinya amasezerano mashasha i Madrid.

Ubu mwaka kanya nguku uko bihgaze:

Ejo kumusi wagatatu Vini nabamuserukira barabonanye n'abatwara Real Madrid mukiyago bivugwa yuko cari ciza. Amaakuru ava mubimenyeshamakuru bikomeye avuga ko inama yaheze impande zose ziryohewe kumbure harico bahurijeko.

⤴️ Real Madrid yarongereje amasezerano yari yahaye Vinicius hisunzwe akamaro kiwe mumurwi.
Vinicius kumyaka yiwe 26 arabizi ko yinjiye mumwaka wanyuma wa contrat aho ategerezwa kuba maso kuko imyaka yiwe aho igeze agahabwa contrat ya 5 ans ishobora kuba ariyo yanyuma ahawe i Madrid, uruhande rumuhagarariye rwipfuza ko ahabwa agaciro nkako Mbappe afise uburusho nkubwiye eka ahabwe nakabahasha ko kuba azosinya contrat nshasha.

🚫 Ikibazo gihari ni ubudasa hagati y'umushahara Vini asaba hamwe nuwo Real Madrid iriko iratanga. Vini asaba umushahara w'imiriyoni 30 kumwaka ariko real ikamuha imiriyoni 20.
Munama yabaye ejo haheze harimwo umuyobozi mukuru José Ángel Sánchez bivugwa ko Real Madrid yoba yaradugije umushahara kugira irabe aho bohuriza na Vinicius Jr. Ayo makuru aza yemeza ko Vini bishoboka ko yongereza amasezerano gushika 2031.

Vinicius amaze gukinira Real Madrid inkino 375 ayitsindira ibitsindo 128 na assist 100 kuva ayish*tsemwo 2018 we avuga ko ariwo murwi wiwe windoto atipfuza kuwuvamwo.

Real Madrid yasavye ko Vini yotanga inyishu yanyuma kumasezerano bamuhaye kandi abikore vuba cane kugira ngo ingingo zindi zifatwe.
Vinicius afise guhitamwo ibi bikurikira:
1. Kwongereza amasezerano hama aronke umushahara n'uburusho bumvikanyeko
2. kutayongereza hama akagenda kubuntu mumwaka uza
3. kwumvikana na Arsenal bakamugurisha kugiciro bumvikanyeko

Reka turindire inyishu ya Vini.
Mourinho nawe yaragiyemwo murugamba rwo kwemeza Vinicius ko ategerezwa gusigara, aramusigurira ko amukeneye kandi ko ashaka kumwubakirako.
Inyishu isigaye kwa Vinicius Jr

🚨⚪ Igihe Vinicius Jr arimwo ca kungereza amasezerano sico gushiramwo ibigumbagumba.Kimwe mubintu nzi kuri Real Madrid nu...
05/08/2026

🚨⚪ Igihe Vinicius Jr arimwo ca kungereza amasezerano sico gushiramwo ibigumbagumba.

Kimwe mubintu nzi kuri Real Madrid nuko idashiramwo ibigumbagumba iyo inyungu zayo ziriko zirahungabanywa.

Ukutumvikana twarabibona kuri Ronaldo turabibona kuri Ramos, kera cane vyarabaye kuri Makelele nuyu musi biragarutse kuri Vinicius Jr.

Ikiboneka coco Vini niwe afise inguvu nyinshi.

Real Madrid irabizi ko ikamwima amasezerano ifise choix zibiri soit kumureka aheze contrat yiwe hama mukwambere aganire na club yose ashaka canke imugurishe ubu nyene .

⚠️ Igahitamwo kumugurisha ubu nyene Vinicius Jr imirwi izobagarako uravye usanga ari Arsenal gusa iri murugamba ariko ikabona amasezerano aranse ifise guca igabanya cane igiciro igatanga nka 120M canke 130M. De toute façon hariho ahantu Real Madrid izohombere.

🥱 Ikibazo gihari ni kuronka umusubirizi wa Vini mwiza kwisoko. Uwo si musi ya 150M canke imiroyi 200 wanashima. Hano turiko tuvuga umuntu yatanze Champions League 2 turiko tuvuga umukinyi mwiza wa Real Madrid mumyaka 5 iheze.

Nivyo ntamukinyi asumba umurwi ariko Perez arazi k abakinyi basigaye bazimvye kandi ugasanga uronse uwutari kuri niveau yuwo ukeneye. Hano rero hari intambara ikomeye.

👌 Vini arazi neza ko ariyo contrat yiwe yanyuma i Madrid kuko niy gushika 2031 azoba afise imyaka 31 biba bigoye ko Real Madrid iguha ayandi masezerano ugeze hano, ico we yipfuza ni ukuhakura agafaranga gashoboka na Real Madrid ico yipfuza nuko yokwongereza kandi atabazimvye.

Umwe wese afise ico yunguka murino deal.

Vini arabafise. Nibamugurishe hako agenda kubuntu barye izo miriyoni 130M hama bahige umusubirizi.

Sinovuga ngo Vini carrière izoba iheze hanze yokina kandi akabishobora cane ariko izina hamwe na marketing yarafise ari muri Real Madrid ntizokwigera igaruka.

👋👋 Iwacu Sports

Address

Bujumbura
NA

Telephone

+25779655954

Website

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Iwacu Sports posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Business

Send a message to Iwacu Sports:

Shortcuts

Share

Category